5/24/2016

Idini ya Isram n'idini Gatorika mu nzira yo kugarura umubano

 Ni mu gihe kuri uyu wa 23 Papa Francis yabonanye n'aba Islam mu Misri aho yahuye n'
umutegetsi umwe w'idini rya Islam mu Misri iki kikaba ari, kimwe mu bimenyetso vya vuba vyo kurushaho kugira umubano mwiza hagati y'ayo madini abiri akomeye kw'isi.


"Uwu mubonano ni bwo butumwa", ni ko Papa Francis yavuze, ariko arabonana na Sheik Amed el-Tayyip, umukuru wa kaminuza y'aba Islam ya Al-Azhar hamwe n'umusigiti.

Uwo mubonano ubaye inyuma y'imyaka itanu Al-Azhar ahagaritse ibiganiro na Vatican kubera ukutumvikana kwadutse hagati yiwe na Papa Benedict wa cumi na gatandatu.
Umwaka 2006, Papa Benedict yaratangaje aba Islam aho yasubiramwo umutegetsi umwe wa Byzantine avuga ko zimwe mu nyigisho y'umutumwa Muhammad zari iza" shetani kandi nta buntu zifise", ivyo aba Islam bamiriye kure.

Source:http://www.bbc.com/gahuza/amakuru

No comments:

Post a Comment